5.5 C
New York
Tuesday, October 26, 2021
Homeabakinyi bakina hanze# Indundi Sports | Tchabalala ahejeje gufasha As Kigali kunyagira Musanze Fc

# Indundi Sports | Tchabalala ahejeje gufasha As Kigali kunyagira Musanze Fc

kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 01 Rusama 2021 , niho ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu Rwanda ryatanguye icese . Umugwi Musanze Fc usanzwe ukinamwo umukinyi w’umurundi Ally Moussa Sova wari wakiriye As Kigali ikinamwo Abarundi babiri Hussein Shaban Tchabalala hamwe na Kwizera Pierrot .

 

 

urw rukino rwarangiye As Kigali inyagiye Musanze Fc ibitsindo 4 kuri 2 , Hussein Shabani Tchabalala niwe yatanguye kwinjiza igitsindo ca mbere ca As Kigali ku munota wa 05 kigomborwa na Onesime ku munota wa 7 baja kuruhuka ari igitsindo 1-1 .

nagarutse mu gice ca kabiri ku munota wa 55 Hakizimana Muhajiri yaronkeje As Kigali igitsindo ca 2 , Tchabalala yongeramwo ica Gatatu ku munota wa 82 , haciye akanya gato umukinyi w’umurundi Ally Moussa Sova nawe yashoboye kuronkera Musanze igitsindo ku munota wa 90 , kuri uwo munota Nyene Muhajiri atsindira igitsindo ca 4 As Kigabi birangira ari 4 kuri 2.

gushika ubu abakinyi bafise ibitsindo vyinshi ari Muhajiri na Tchabalala bafise ibitsindo bibiri bibiri .

mwomenya y’uko na Kwizera Pierrot asanzwe akinira As Kigali nawe yashoboye kwinjira muri urwo rukino mu gice ca kabiri .

- Advertisment -

Must Read

Muri bamwe 3 muri Primustar Masterland ngo yarimwo

0
Masterland ngo ntiyigera asuzugura ihiganwa na rimwe mu mahiganwa amaze kujamwo, kuko kanatsinda ngo amaze kuja mu yatari make kandi arabirambiyemwo.  Mu kiganiro na Hosy...