Inkino

# Indundi Sports | Abakunzi ba Manchester United baraye bakoze imyiyerekano

 

 

Imyiyerekano y’abakunzi ba Manchester United yo kwiyamiriza uwutwara umugwi wa Manchester United yaraye itumye urukino rusiba .

kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 02 Rusama 2021, imbere y’uko Umugwi Manchester United wakira  Liverpool mu rukino rwo mu cicaro ca mbere mu Bwongereza Premier League , abakunzi b’uwo mugwi baciye batangura imigumuko yo kwiyamiriza uwusanzwe atwara uwo mugwi aho bamusaba gukinjura muri wo.

Ivyo bikaba vyatanguye inyuma yaho uwo mugwi wari utangarije ko winjiye muri Super League ariko munyuma iryo higanwa rigaca rihagarikwa .

Abo bakunzi rero ba Manchester United baciye bavuga ko uburongozi bw’umugwi bwakunze amafaranga gusumba bo .

Bikaba atari ivyo vyonyene vyahabaye kuko n’imbere y’urukino abo bakunzi bagiye mu mwiherero w’uwo mugwi babuza Umuduga utwara abakinyi kubajana ku kibuga ivyatumye Umumenyereza wa Manchester United Ole Gunnar asaba y’uko bokora iyo myiyerekano mu mutekano .

Ikinyamakuru Evening News caraye kivuga y’uko abo bakunzi b’uwo mugwi biyamiriza abo banya America basanzwe batwara uwo mugwi bashika ku bihumbi 10,000.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 51