Uwutaryamye ngo arondera umuryango, iryo niryo jambo Mugani Desire benshi bazi nka Big Fizzo yashize ku rubuga rwa Instagram rwiwe aherekeje amashusho aho yabonetse ariko ashira amajwi mu gishobora kuba ari indirimbo ariko arakora.
Iyo Studio yabonetse ariko akoreramwo n’iy’umuririmvyi Rayvanny, aho inyuma yaho abonetse arikumwe na Harmonize bizwi ko batavuga rumwe n’iyo Mfura ya Diamond, ariko kandi tukaba twahavuye tumenya ko Harmonize ari muri Film yajanye Big Fizzo muri ico gihugu.
Icizere ni cinshi muo twabashije kubona, kuko bavuga ko Big Fizzo ariko akora indirimbo, ariko kandi bikaba bizwi ko yanagendeye Home Studio ya Juma Jux bizwi ko bafitanye indirimbo ariko itarasohoka, kuko kubwa Big Fizzo ngo hataragera ko ishirwa ahabona.
Ariko naho wumva ko hari indirimbo ashobora kuba ariko akorera muri Tanzania, hari iyindi irindiriwe cane iri muri za nkurikirane 2 z’indirimbo aheruka gushira ahabona.
None Collabo abakunzi biwe babandanya bamusaba uko bukeye uko bwije azohava aza azizanye avuye muri Tanzania?Biracagoye, ariko icizere coco kirahari kuko biraboneka ko aticaye.