Nasibu Abdul Juma yasubiriye kandi kwagirizwa ubusuma n’umwe mu baririmvyi b’aba Tanzania. Ubwo busuma bukaba burabishwa nkuko vyama ku ndirimbo.
H Baba azwi cane kuba ari hafi na Harmonize yavuze ko indirimbo “Nataka Kulewa ” na Zilizopendwa ngo zari iziwe ariko asanga uwo muririmvyi yamukubise ku ntoke.
Mu kiganiro yahaye imwe mu mboneshakure muri Tanzania, uwo muririmvyi yamenyesheje ko imwe murizo yari yashimye kuyikorana na Q chief nawe nyene bizwi ko mu misi iheze yigeze kutarabana ryiza n’abo muri Wasafi.
Intandaro y’ukutarabana ryiza hagati ya H Baba na Diamond ngo ryoba ryaturutse kuko Nasibu yoba yaramutamvye ku muvyimba mu ndirimbo Zilizopendwa,nkuko yabandanije abiyagira ico kinyamakuru dukesha ano makuru.
H Baba akaba yanagiriyeko amenyesha ko kuba uno musi ari hafi ya Harmonize, ari kubera atakiri musi y’uburongozi bwa Diamond Platnumz ubwiwe.
Mwokwibuka ko izo ndirimbo 2 zivurwa na H Baba ari indirimbo zasohotse haraheze igihe kitari gito, kandi zose zikaba ari indirimbo zakunzwe cane gusumba.