IKIRUNDI_news

Diamond Platnumz asubiriye kwagirizwa ubusuma

Nasibu Abdul Juma yasubiriye kandi kwagirizwa ubusuma n’umwe mu baririmvyi b’aba Tanzania. Ubwo busuma bukaba burabishwa nkuko vyama ku ndirimbo.

H Baba azwi cane kuba ari hafi na Harmonize yavuze ko indirimbo “Nataka Kulewa ” na Zilizopendwa ngo zari iziwe ariko asanga  uwo muririmvyi yamukubise ku ntoke.

Mu kiganiro yahaye imwe mu mboneshakure muri Tanzania, uwo muririmvyi yamenyesheje ko imwe murizo yari yashimye kuyikorana na Q chief nawe nyene bizwi  ko mu misi iheze yigeze kutarabana ryiza n’abo muri Wasafi.

Intandaro y’ukutarabana ryiza hagati ya H Baba na Diamond ngo ryoba ryaturutse kuko Nasibu yoba yaramutamvye ku muvyimba mu ndirimbo Zilizopendwa,nkuko yabandanije abiyagira ico kinyamakuru dukesha ano makuru.

H Baba akaba yanagiriyeko amenyesha ko kuba uno musi ari hafi ya Harmonize, ari kubera atakiri musi y’uburongozi bwa Diamond Platnumz ubwiwe.

Mwokwibuka ko izo ndirimbo 2 zivurwa na H Baba ari indirimbo zasohotse haraheze igihe kitari gito, kandi zose zikaba ari indirimbo zakunzwe cane gusumba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 809