5.5 C
New York
Friday, January 21, 2022
HomeIKIRUNDI_newsInkino# Indundi Sports | Tchabalala umwami w’ibitsindo muri As Kigali

# Indundi Sports | Tchabalala umwami w’ibitsindo muri As Kigali

 

 

 

 

Umukinyi w’umurundi Husse Shabani Tchabalala yafashije As Kigali gutsinda Police Fc imenyerezwa n’umurundi Haringingo Francis Mbaya .

kuri uyu wa Gatatu igenekerezo rya 04 Rusama 2021 , Isaha Icenda 15h09 ku kibuga c’inyamirambo , Umugwi As Kigali wari wakiriye Umugwi Police Fc mu rukino rw’ihiganwa ryo mu gihugu c’Urwanda , Urwo rukino rwarangiye As Kigali yirahiye Police Fc ibitsindo 2-0 .

Muri ivyo bitsindo 2 harimwo igitsindo kimwe c’umusatirizi w’umurundi Hussein Shabani Tchabalala igitsindo yatsinze ku munota wa 64 w’urukino atanga n’ipasi ivyarai igitsindo ca kabiri catsinzwe n’uwitwa Abedi ku munota wa 78 .

Hussein shabani Tchabalala muri kino gihe afatwa nkurukiza mu mugwi As Kigali aho benshi bavuga y’uko yoba ari Umwami w’ibitsindo kuko mu nkino za kivandimwe 4 As Kigali yakinye zonkwitegurira ihiganwa As Kigali yatsinze ibitsindo 2 mugihe mu nkino zibiri z ‘ihiganwa ryo mu gihugu c’urwanda As kigal imaze gukina afise ibitsindo 3 .

 

mwokwibuka y’uko na Kwizera Pierrot nawe nyene akina muri uwo mugwi As Kigali akaba nawe nyene yashoboye gukira urwo rukino rwose .

 

Mwomenya ko As Kigali inyuma yo gutsinda Police Fc yaciye ifata ikibanza ca mbere mw’itsinda C n’amanota 6 kuri 6 .

 

- Advertisment -

Must Read

BCUSA amashirahamwe y’abarundi baba muri America abandanya arwira

0
Inyuma y'ibibazo n'inryane zihitiye mu barundi bahurikiye mw'ishirahamwe BDUSA hiribonekeza ivuka ry'ayandi mashirahamwe atangujwe n'abahoze muri uwo muryango. Abarundi barikumwe n'abandi bimukira ku mugabane wa...