BurundihomepageIKIRUNDI_newsIndundi CinemaMovies

Ibikorwa vyabo biritezwe gushika ku musi wa gatanu

Ihiganwa ry’isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi mu Burundi FESTICAB ryuguruwe icese kuri uno wa gatatu ku civugo “Twese hamwe tugwanye amabi afatiye ku gitsina”.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, umuyobozi wa FESTICAB (Festival international du Cinéma et Audiovisuel du Burundi), Amani Papi Ndikumana yamenyesheje ko ihiganwa ry’uno mwaka rizoha akaryo urwaruka rukora amareresi mu makaritiye kugira bashobore gutera imbere.

Amani Papi Ndikumana ahamagarira urwo rwaruka rusanzwe rukina amareresi kuzana ibikorwa vyabo gushika kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 7 Rusama 2021.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 40