5.5 C
New York
Wednesday, December 1, 2021
Homeabakinyi bakina hanze# Indundi Sports | ni ubwa mbere Man City igiye mu rukino...

# Indundi Sports | ni ubwa mbere Man City igiye mu rukino rwanyuma rwa UEFA Champions league

Inyuma yo kuryamana utsinze Paris Saint Germain ibitsindo 2-0, Manchester City waraye ukatishije itike yo gukina urukino rwanyuma ubwa mbera mu mateka yawo .

Ibitsindo vyose vya Manchester City vyaraye bitsinzwe n’umunye Algeri Riad Mahrez kimwe yacinjije ku munota wa 10 ikindi kumunota wa 62 , ivyaciye bituma Manchester City isezerera PSG ku bitsindo 4-1 kuko mu rukino rwo gutangura uwo mugwi wo mu bwongereza wari wirahiye PSG ibitsindo 2-1.

Urwo rukino Manchester City yaraye ikinye rwari urukino rwo gusubiriza rw’igice 1/2 gishira icanyuma c’igikombe ca UEFA Champions League rwari rwabereye mu bwongereza ku kibuga ca Manchester City Etihad Stadium.

Manchester City ukaba urindiriye Umugwi uzorengana mu gice canyuma ca Finale hagati y’umugwi wa Real Madrid hamwe na Chelsea.

https://youtu.be/roJqFbpkv6g
- Advertisment -

Must Read

Muri Hipipo Music Awards ibihangange ngo ntaco bizohanoba Imbere ya Natacha

0
Indirimbo nshasha pakuchena ya Natacha ngo itegerezwa gutahukana agashimwe mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Uganda irimwo, Hipipo Music Awards, ivyo bikaba vyashikirijwe n’uwahoze ari...