Indundi Sports | Bigirimana Abedi niwe yafashije Kiyovu Sports gutsinda Rayon Sports

0
450

 

 

 

Umukinyi wo hagati w’umurundi Bigirimana Abedi ahejeje guhesha intsinzi umugwi wiwe wa Kiyovu Sports.

 

Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 05 Rusama 2021 , Isaha icenda 15h00 ku kibuga Amahoro aho Umugwi Kiyovu Sports ugiye kumenyerezwa n’umurundi Etienne Ndayiragije wari wakiriye Umugwi Rayon Sports mu rukino rwa kabiri rw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’urwanda . Urwo rukino rukaba rwarangiye Kiyovu Sports itsinze Rayon Sports ibitsindo 3-2.

Rayon Sports niyo yatanguye gutsinda igitsindo ca mbere ku munota wa 4 biciye kuri Mutatu, gica kigomborwa ku munota wa 7 na Robert Saba , ku munota wa 52 Armel yaciye yinjirije igitsindo ca kabiri Kiyovu Sports haciye akanya gato Rayon Sports ica irakigombora ku munota wa 70 biciye kuri Dagnogo , ku munota wa 87 umurundi Bigirimana Abedi yaciye atsindira Kiyovu Sports igitsindo c’intsinzi birangira ari 3 kuri 2.

Mwomenya ko Umugwi Kiyovu Sports udakinamwo Bigirimana Abedi wenyene usanzwe ukinamwo uwundi murundi ariwe Ngando Omar nawe nyene akaba yashoboye gukina urukino rwose hamwe na Ngenzi Issa yari yicaye kuntebe yabasubiriza abandi.