Ibikorwa vyabo vyahagaritswe vy’imfatakibanza

0
544

Ibikorwa vy’ishengero “Grace Evangelistic Temple of Burundi” vyahagaritswe vy’imfatakibanza mu Burundi bwose, kw’itegeko ry’Umushikiranganji w’intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano.

Petero Nkurikiye Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji amenyesha ko iryo shengero ryahagaritswe bitewe n’akajagari kibonekeza mu banywanyi biciyemwo imirwi ibiri, hakaba mbere ngo hari hageze aho iyo hageze gusenga batondana ubuhiri bw’ukurwana.