Éliminatoires CAN Féminin | Uburundi buzohura na Érythrée

0
515

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 10 Rusama 2021 , mu cicaro gikuru ca CAF muri Misiri niho haba tombola y’ukungene imigwi y’abigeme izohura mu nkino zo gukurakuranamwo zo kurondera itike ya CAN.

Uburundi bukaba bugiye gutangura gukina na Erythrée nk’uko vyabonetse muri iyo Tombola.

Intamba zigasezerera Erythrée zizoca zihura hagati y’Urwanda hamwe na Djibouti .

Inkino za mbere zizoba hagati y’amagenekerezo ya 7 na 15 Ruheshi 2021 , mugihe izo gusubiriza zizoba bahagti y’amagenekerezo ya 19 na 29 Gitugutu 2021.

Mukibuka y’uko izo nkino za nyuma z’abigeme CAN zizobera mu gihugu ca Maroc mu mwaka wa 2022.