BurundiCooperationhomepageIKIRUNDI_newsPolitique

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yafashe urugendo agana i Kampala

Ku mutaga wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 11 Rusama 2021, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye arikumwe n’umutambukanyi wiwe bafashe urugendo rw’imisi itatu mu gihugu c’Ubuganda.

Evariste Ndayishimiye akaba agiye kwitaba ibirori vy’iyimikwa ry’umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Kaguta Museveni aheruka gusubira kwizerwa ngo abandanye ayobora ico gihugu, ibirori bitegekanijwe kuzobera Kololo Independance Grounds aho bukera kuwa 12 Rusama 2021.

Ivyo birori bikaba kandi vyitezwemwo abanyacubahiro batari bake nk’umukuru w’igihugu ca Somaliya, umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, umukuru w’igihugu ca Ghana, umukuru w’igihugu ca Sudani y’epfo, umukuru w’igihugu ca Zimbabwe, umukuru w’igihugu ca Guinée, icegera c’umukuru w’igihugu ca Nigeria, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko, umushikiranganji wa mbere wa Gabon, umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Mozambique, umukuru wa komisiyo y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, n’abandi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 297