Aranegura inyifato ya bamwebamwe ngo “bagara kurusha ibizinu”

0
587

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Réverien Ndikuriyo aranegura inyifato ya bamwebamwe ngo “bagara kurusha ibizinu”. Agira ati : “ibizinu biva mw’isi vyicishije bugufi ariko vyashika kw’isi bigaca bigara, mu misi ibiri bikaba biboze. Hano kw’isi, ntitugare nk’ibizinu ngo duce tujegera mu misi ibiri.”

Ivyo Réverien Ndikuriyo yabishikirije kuri uyu wa kane waraye uheze, igenekerezo rya 13 Rusama 2021, aho yari aramutse yifadikanya n’abakristu bo muri Paruwase Saint François d’Assise mu Magarama mu nkuka ya misa yo guhimbaza umusi mukuru w’iyurira mw’ijuru rya Yezu Kristu.