5.5 C
New York
Tuesday, October 19, 2021
HomefootballIbiturire bitumye urukino rwa Athletico na Kayanza United rwunguruzwa

Ibiturire bitumye urukino rwa Athletico na Kayanza United rwunguruzwa

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 13 Rusama 2021, uwurongoye umugwi Athletico Academy wo mu cicaro ca mbere muri Primus league yaraye yandikiye ikete ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB arisaba y’uko urukino rwabo rw’indwi ya 28 rwari kubahuza na Kayanza United rwokwunguruzwa bivanye n’uko abakinyi bayo bashobora kuba bariye igiturire bivanye n’uko banse kwitaba imyimenyerezo ndetse baranka no gukina urwo rukino.

Indundi Sports twegereye bamwe mu bakinyi b’uwo mugwi batubwiye y’uko impamvu bahisemwo kwanka gukora imyimenyerezo ari uko baheraniwe amahera yerekeye igurwa ry’abo n’ayandi atandukanye .

Bakaba bahakanye ayo makuru avuga y’uko bariye igiturire mbere bavuga y’uko nabo nyene umwanya n’umwanya bashobora kwitwarira uburongozi bw’umugwi Athletico Academy.

Mwomenya y’uko urwo rukino rwari guhuza Athletico Academy na Kayanza United rwari kuba kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 14 Rusama 2021 isaha indwi n’igice 13h30 ku kibuga Intwari.

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...