5.5 C
New York
Monday, October 18, 2021
Homeabakinyi bakina hanzeTchabalala na Pierrot baraye bafashije As Kigali gutsinda Police Fc

Tchabalala na Pierrot baraye bafashije As Kigali gutsinda Police Fc

Abakinyi babiri b’abarundi babandanya bigenza neza mu gihugu c’urwanda.

Hari kuri uyu wa kane igenekerezo rya 13 Rusama 2021 aho inkino zo mw’itsinda rya C zo gusubiriza z’ihiganwa ryo mu Rwanda zabandanya, umugwi As Kigali usanzwe ukinamwo abarundi babiri waraye usubiye kandi gutsinda Police Fc ikinamwo umurundi Moussa Omar ikamenyerezwa n’umurundi Haringingo Francis Mbaya ibitsindo 2-0 mu rukino rwo gusubiriza.

Ivyo bitsindo bibiri vyinjijwe n’abo bakinyi babiri b’abarundi. Kwizera Pierrot niwe yatanguye kwinjiza igitsindo ca mbere ku munota wa 24 w’urukino mugihe Hussein Shabani Tchabalala nawe yinjije igitsindo ca kabiri ku munota wa 70 w’urukino.

Hussein Shabani Tchabalala yaciye abandanya ayobora abakinyi bafise ibitsindo vyinshi aho afise ibitsindo 6 mu nkino 5.

As Kigali yaciye ibandanya ifata ikibanza ca mbere n’amanota 12 igaca ikurikirwa na Police Fc ifise amanota 9. Musanze ikinamwo umurundi Ally Moussa Sova ifise amanota 6, mugihe Etincelles ifise amanota 3.

 

- Advertisment -

Must Read

Meme Meili yavuze ku mafaranga yakoresheje muri “Arabesha”

0
Ya ndirimbo "Arabesha" ya Meme Meili ngo ntiyovuga ko Ariwe yayikoreye canke ngo Afise Management imufasha muri ivyo bikorwa vyiwe vy'umuziki, ariko ngo arafise...