IKIRUNDI_news

Miss Erica ngo amarira afise uno musi n’ay’umunezero

Inyuma yaho hari hagize imisi hariko havurwa ko uwo muririmvyikazi yoba yarafise inda y’uwahoze ari manager wiwe, Kent p, abandi bakavuga ko bari mu rukundo, ukuri kwagiye ahabona kuri urwo rukundo rwavugwa. 

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, uwo muririmvyikazi yatanze ubutumwa aho yavuze ko ubuzima bwuzuye ama Surprise, muri ico gihe ngo habamwo ukurira n’ugutwenga. Kubwa Miss Erica ubu ngo we amarira afise n’ay’umunezero, yagize ati : “Ubuzima bwuzuye ama Surprise, Biensure , rimwe na rimwe hariho amarira, n’ugutwenga. Ariko amarira y’iwanje n’ay’umunezero…”

Miss Erica arikumwe n’umuzungu asigaye ari umugabo wiwe

Miss Erica muri Live yari yakoze kuri Instagram mu masaha ya sasita z’ijoro, akaba yerekanye kuri Instagram umushingantahe wiwe akaba na Manager wiwe(Uwo muzungu mubona kw’ifoto). Uwo Manager akaba yanagiriyeko amenyesha ko hari vyinshi bariko bategura gukora kubwa Miss Erica, ngo abantu nibagume biteguye.

Ubwo butumwa bukaba bwaciye buherekezwa n’igice c’ivyo yanditse mu butumwa yashize ahabona mu masaha y’isaha umunani z’ijoro, aho yamenyesheje ko bakundana, ariko ko ibindi vyinshi kuri urwo rukundo rwabo ngo bazobishira ahabona vuba cane. Yagize ati : “Turakundana, muzomenya Vyinshi vuba cane…”

Inzu nshasha ya Miss Erica

Muri iyo Live Miss Erica kandi yamenyesheje  abantu bahora bamusaba cane gose uburyohe bw’indirimbo yakoranye n’abagande, ko bugiye kandi gusubira kuboneka, ariko akizeza ko buzoba bukorewe hano iwacu apana mu mahanga.

Mwomenya ko iyo Post yashizwe kuri Instagram, Erica yerekanye umugabo, akerekana inzu nshasha , ariko kandi akerekana imodoka yiwe nshasha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 518