Umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri wahinduye izina na bimwe mu bimenyesto biwuranga

0
780

Mw’ikoraniro risanzwe (Congrès ordinaire) ryatunganijwe n’umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri iragi rya Ndadaye kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 15 Rusama 2021 i Bujumbura, abari baryitavye basubiye kwizera Keffa Nibizi yahora arongoye uwo mugambwe ngo abandanye awurongora, amatora yabaye inyuma y’ihinyanyurwa ry’ingingo zimwe zimwe ziri mu mategeko agenga uwo mugambwe.

Imbere y’uko baja mu matora babanje gihinyanyura amwe mu mategeko yari asanzwe agenga uwo mugambwe nk’uguhindura izina ry’uwo mugambwe aho ubu ugiye kwitwa CODEBU (Conseil pour la Démocratie et le Développement durable du Burundi-Iragi rya Ndadaye), ikimenyetso c’isake cakuwe mu biranga umugambwe CODEBU-Iragi rya Ndadaye, abanywanyi bahora bitwa INZIRAGUHEMUKA bahinduwe bitwa ABAHIZI, ikimangu c’uwo mugambwe CODEBU kigiye kuba kigizwe n’umuzingi wirabura urimwo igisirigita (tracteur) mu gihe hahora harimwo isake, ikoraniro risanzwe ryahora ritunganywa rimwe mu myaka 5 ubu rigiye kuzohora ritunganywa rimwe mu myaka 7 yamara ngo hashobora kuzotumwako amakoraniro adasanzwe mu gihe bizoba bikenewe eka n’abagize komite nkuru nyobozi bongerejwe.

Mu kurindira ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano bwemeza ibimenyetso bishasha bigizwe n’ibendera ry’ibara ry’icatsi kibisi, ibara ryera n’irisa n’umucungwe uhiye (orange) hagati hakaba harimwo igisirigita n’ivyo bindi vyahindutse ngo hazoba harakoreshwa ivyahahora.