Basket : Les amis yatwaye igikombe ica ikatisha itike mu cicaro ca mbere.

0
241

Kuri uyu w’Imana niho mw’ishirahamwe rya basket ball mu gisagara ca Bujumbura hasozerewe ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri , urukino rwasozereye iryo higanwa rukaba rwahuje imirwi les amis na Holy center basket ball club.

Muri urwo rukino rwa nyuma final umurwi wa les amis akaba ariwo watahukanye intsinzi y’amanota 71 kuri 62 ya Holy center basket ball club irongowe na Apotre Jean Paul Manirakiza .

Umukinyi Mossi Pakaca avukana na Rodrigue Ndikumwami yigeze gukinira les amis akaba yinjije amanota 25 muri urwo rukino ku ruhande rwa les amis .

Inyuma y’urukino uwurongoye les amis Bigirimana Claude akaba yamenyesheje ko umurwi wa les amis wakinye urukino rwiza mbere bategekanya kuwugarura mu cicaro ca mbere.

Ku ruhande rwa Holy center Apotre Jean Paul ayirongoye yakeje uwo murwi aca amenyesha ko uwo murwi bafitaniye ubucuti ariko bazowitegurira mu yandi mahiganwa azokurikira .

Urwo rukino rukaba rwakiniwe kuri Toyota Gikungu mu gisagara ca Bujumbura muri zone Gihosha.