5.5 C
New York
Tuesday, October 19, 2021
HomeBain Turo#Sat B yatangaje ko Empire avenue agacerere yarimwo kararangiye

#Sat B yatangaje ko Empire avenue agacerere yarimwo kararangiye

Mu gihe bari bamaze imisi muri Empire avenue irongowe na Sat B na manageur wabo Kent p bari mu gacerere kadasanzwe, kuri uno wa 18 Rusama Sat B yerekanye ko bagiye guhaguruka  .

Abenshi vyari vyabayobeye kumenya neza ivya Empire bakibaza nyimba boba baraherewe nivyo baririmba, canke hoba hari kutumvikana hagati yabo?

Ivyo n’ibindi bibazo
ni bimwe mu bibazo abakunzi b’umuziki ndundi bari bamaze imisi bibaza ,
mugabo hagati yaho bakaguma baronka inkuru za Sat b aho indirimbo ziwe zikurikiranwa cane kuri youtube mugukwiza 1 000 000 000 w’ama vieus hamwe no gu signa amasezerano n’ishirahamwe Crown Royal.
Uravye inyuma yayo masezerano biboneka ko umugisha wuwu muririmvyi wagutse, kimwe mu bitumye Empire ava mu ga cerere.

Empire yari igizwe na Sat B, Belle nice,Berturo, na Miss Erica muri kino gihe Miss Erika yamaze kugaragaza manageur wiwe bisigura kwatakiri mu bwami bwa Sat B.

Mu majambo make hakaba hasigayeyo Sat B ,Belle nice umufasha wiwe hamwe na Berturo.

Aabicishijwe ku rubuga ngurukanabumenyi rwa facebook rwiwe, Sat_B amenyesha ko bagiye kuva mu gacerere, indirimbo ya Belle nice na Berturo igiye kudushwaramwo vuba.
Nubwo batashizeko aho izotunganira, gumana na Indundi Magazine vuba muzobimenya.

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...