5.5 C
New York
Monday, October 18, 2021
HomeBurundiProsper Bazombanza: “Rwoba ari uruhombo mu gihe boguma baharihira batariko barahakorera”

Prosper Bazombanza: “Rwoba ari uruhombo mu gihe boguma baharihira batariko barahakorera”

Ubushikiranganji bwagenywe kugira buduge gukorera ku murwa mukuru wa poritike i Gitega busabwa kubishira mu ngiro kuko mu gihe Reta yoguma iriha amazu atariko arakorerwamwo rwoba ari uruhombo.

Icegera c’Umukuru w’igihugu Prosper Bazombaza yabishikirije kuri uyu wa kane igenekerezo rya 20 Rusama 2021 mu rugendo yagize i Gitega mu bisata bitandukanye. Yashimye ko ubushikiranganji bw’uburumyi, ubworozi n’ibidukikije bwamaze gushika i Gitega hamwe n’ibisata bimwe bimwe vy’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu iterambere rusangi n’umutekano.

Ubushikiranganji bw’indero n’ubwo gufatana mu nda nabwo nyene ngo bukaba bugiye kuhashika mu misi ya vuba.

- Advertisment -

Must Read

Meme Meili yavuze ku mafaranga yakoresheje muri “Arabesha”

0
Ya ndirimbo "Arabesha" ya Meme Meili ngo ntiyovuga ko Ariwe yayikoreye canke ngo Afise Management imufasha muri ivyo bikorwa vyiwe vy'umuziki, ariko ngo arafise...