3,000$, yababa canke arenga gato imiliyoni 9 z’amafaranga ya hano iwacu, niyo agiye guhiganirwa n’abantu batari bake ku rubuga rwa Instagram rw’umunyamideri w’umurundi abarizwa mu gihugu ca Sweden, Nella Neth.
Ayo mafaranga akaba agiye gutangwa nk’agashimwe mw’ihiganwa ryo kuririmba rizoba Live ku rubuga rwa Instagram rw’uwo munyamideri ruheruka kugarukanwa inyuma y’ikiringo c’ukwezi kwose bararumwivye.
Nella akaba yamenyesheje ko ari mu ntumbero yo gushima urukundo n’ukumushigikira abantu bamweretse muri bino bihe bitari vyoroshe.
Iryo higanwa nkuko yabashije kubishikiriza ngo rizobera Online, aho bizosaba umuntu kuba afise aga connection keza, aho n’inyuma y’ukumurungikira mu gasandugu k’ubutumwa kiwe kuri Instagram (Inbox) isanamu ariko aririmba indirimbo yiwe canke iyabandi, ubwo ngo nibwo buryo bwonyene bwo kwiyandikisha.
kwiyandikishwa nkuko ubutumwa bwashizwe kuri urwo rubuga rwiwe bwabashije kubishigikiriza bubivuga, birabandanya gushika igenekerezo rya 2/6. Abazoba bahiswemwo bakaba bazoririmba igenekerezo rya 4/6, nayo abakora Rap bakazokora 18/6. Bukeye igenekerezo rya 19/6 akaba ariho hazoca hamenyekana uwuzoba yatsindiye iryo higanwa.
Nella Neth akaba mu majambo yashikirije mu ma Live atari make yabashije gukora igihe yibwa urubuga rwiwe rwa Instagram, yamenyesheje ko urwo rubuga rwari rusanzwe ruri mu bimutunze, kuko rwari rwaramaze gutangura kumwinjiriza amafaranga.