Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu, Angeline Ndayishimiye yakiriye kuri uyu wa gatanu uwuserukira ikigo mpuzamakungu UNESCO mu karere ko muri Afrika yo hagati.
Umupfasoni w’Umukuru w’Igihugu Angeline Bayubahe Ndayishimiye amenyesha ko muvyo baganiriye harimwo gufasha abana bari mw’ibarabara kubashira mu mashure.
Ikindi abo bubahwa baganiriye ngo ni uguhimiriza umwigeme w’umurundi kugira ngo ashobore kwiga ivyigwa yumva ko ari ivy’abahungu nk’ivyigwa vy’ubuhinga vyahora bifatwa mu migenzo y’abarundi ko vyagenewe abahungu bonyene.