5.5 C
New York
Tuesday, October 19, 2021
Homeabakinyi bakina hanzeElvis Kamsoba yaraye afashije Melbourne Victory Sport gutsinda Western Utd Fc

Elvis Kamsoba yaraye afashije Melbourne Victory Sport gutsinda Western Utd Fc

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 28 Rusama 2021, umugwi Melbourne Victory wari wagendeye umugwi Western Utd Fc mu rukino rw’indwi ya 25 rw’ihiganwa ryo muri Australie, urwo rukino rukaba rwarangiye Melbourne Victory ikinamwo umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Elvis Kamsoba itsinze ibitsindo 6 kuri 1 ca Western United Fc.

Kamsoba akaba ari mu bafashije umugwu Melbourne Victory mu gutsinda ibitsindo bibiri wenyene aho igitsindo ca mbere yacinjije ku munota wa 33 mugihe ica kabiri yacinjije ku munota wa 50.

Mwomenya y’uko uwo mukinyi w’intamba mu rugamba Elvis Kamsoba yaciye akwiza ibitsindo 5 mw’ihiganwa ryo muri Australie.

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...