Uburundi bwagumye mu kibanza ca 142 ku rutonde rwa FIFA

0
371

Umugwi nserukiragihugu intamba mu rugamba wungutse wagumye mu kibanza ca 142 ku rutonde rwa FIFA rwama rusohorwa buri ukwezi.

Kuri uyu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 27 Rusama umwaka wa 2021, ishirahamwe rirongoye umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryasohoye urutonde rw’ingene imigwi igenda isumbasumbanya ibibanza mu kwezi kwa Ndamukiza .

Umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba wagumye mu kibanza ca 142 nk’uko vyari bimeze mu kwezi kwa Ntwarante .

Mu bihugu dusangiye kano karere ka CECAFA nka Tanzania tuyisanga mu kibanza ca 137, Urwanda narwo turusanga mu kibanza ca 129, Kenya ikaba iri mu kibanza ca 102 , mugihe Ubuganda ubusanga mu kibanza ca 84.

Mwomenya ko igihugu gifata ikibaza ca mbere kikiri Ububirigi bugakurikirwa n’ubufaransa hamwe na Brezil .