Ntibigiye kworoha hagati ya B Kobra na Mo’w Kanzie

0
247

Biraboneka neza ko B kobra uko biri kwose abamufasha mu bikorwa vyiwe bakanabihagarikira ( management) bavyitwaramwo neza,
uravye ukungene yari umuririmvyi akicaruka bakamufasha akaririmbana na Kirikou Akili ikaba ari nayo ndirimbo yamufashije kwongereza igitigiri cabamukurikirana.

Ubu naho akaba agiye kuririmbana na Mo’w Kanzie, Mona Malda
isango baduhaye ikaba ari mu ndwi iza, indirimbo ikazoba yashitse kuri youtube.

Vyinshi ngo azobitumenyesha inyuma y’ishirwa ahabona ry’iyo ndirimbo yemeza ko itazoba yoroshe narirya abo bigeme bose badasanzwe muri uwo mwuga.

B Kobra n’umuririmvyikazi akunda umudiho wa Hip hop, ashoboye rap, canke akanaririmba ukumva neza ko vyose ari impano ziwe, afise imyaka itarenga 3 mu muziki ariko womengo abirambiyemwo.