Inyuma yo gusezerera umugwi Musongati Fc mu rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma c’igikombe c’Umukuru w’Igihugu, umugwi Flambeau du Centres wahawe imiriyoni 10 n’uwusanzwe atwara uwo mugwi umugwizatunga Kazohera Vénérand.
Ku makuru twakuye ku begereye uwo mugwi ndetse n’abakinyi baremeza y’uko bahawe ayo mahera ndetse n’umukinyi umw’umwe yahawe amafaranga angana n’ibihumbi amaja ane 400,000 FBu.
Si irya mbere uwo mugwizatunga asanzwe atwara uwo mugwi Flambeau du Centre atanga amahera nkayo ku bakinyi ndetse n’ayarenga ayo yama ayatanga iyo abakinyi biwe bamunezereje.
Flambeau du Centre ikaba yarasezereye Musongati Fc basangiye igisagara naho Musongati Fc ariyo yatsinze ibitsindo 2-1 , ariko igitsindo kimwe Flambeau du Centre yinjije ku kibuga ca Musongati Fc catumye basezerera umukeba wayo Musongati Fc.
Flambeau du Centre ikaba igiye gutana mu mitwe na Bumamuru Fc mu rukino rwa nyuma rugiye kuzoba kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 05 Ruheshi 2021, Umunani n’igice 14h 30 ku kibuga Gatwaro co mu Kayanza .