Basaba abajejwe igisata c’amazi muri Regideso gukemura ikibazo bamazemwo imisi

0
286

Hamaze iminsi hibonekeza ubukene bw’amazi ku mugwa mukuru wa Komine n’intara ya Gitega, ubwo bukene bw’amazi bukaba bwibonekeza mu makaritiye ya Mushasha, Nyabugogo, Yoba, karera hamwe n’ahandi.

Abanyagihugu bakoresha ayo mazi bakavuga ko haciye imisi indwi batabona n’ima rikoroka mu mabombo ari mu mihana.Ivyo ngo bituma abanyagihugu birirwa mu myonga kuyavomayo bigatuma batayaronka neza kuko batonda imirongo miremire mbere bakanatakaza umwanya wo gukora iyindi mirimo.

Abo banyagihugu bagasaba abajejwe igisata c’amazi muri Regideso gutorera umuti ico kibazo kuko ubukene bw’amazi butuma habaho ihungabana ry’ibikorwa vyishi, bakanavuga ko bashobora no kwandura ingwara ziturutse kw’isuku rike.