# Indundi Sports | Asman na Tresor nibo basatirizi binjije ibitsindo vyinshi muri PLB

0
416

 

 

Inyuma yaho umugwi Kayanza United wanse amanota 3 y’urukino rwari rwabahuje na Les Elephants aho bayitsinze ibitsindo 8-0 harimwo ibitsindo 4 vy’umusatirizi wabo Rukundo Abdourahman Paplay uwo mukinyi baciye bamwaka ivyo bitsindo .

Rukundo Abdourahman Paplay yarangije ihiganwa rya Primus league 2020-2021 afise ibitsindo 15 inyuma y’ingingo yafashwe na FFB kuri Kayanza United hamwe na Athletico Academy bivanye n’ibiturire Paplay yaciye yakwa ibitsindo 4 asigarana 11.

abaciye bafata ikibanza ca mbere akaba ari abakinyi babiri, Shaka Tresor wa Vital’o Fc na Ndikumana Asman Garden wa Aigle Noir bose  bakaba bafise ibitsindo 14.

Bikavugwa ko abo bakinyi bose uko ari babiri  bazohabwa agashimwe k’umusatirizi yinjije ibitsindo vyinshi muri Primus league 2020-2021.

Rukundo Abdoulrahman akaba yaciye afata ikibanza ca 4 n’ibitsindo 11 mugihe uwufata ikibanza ca 3 ari uwitwa Byamungu Raoul akinira Bumamuru afise ibitsindo 12.