5.5 C
New York
Friday, January 28, 2022
HomeIKIRUNDI_newsInkino# Indundi Sports | FFB yafatiye ibihano abamenyereza n’abakinyi kubw’ibiturire

# Indundi Sports | FFB yafatiye ibihano abamenyereza n’abakinyi kubw’ibiturire

 

 

kuri uyu wa Gatatu igenekerezo rya 02 Ruheshi 2021, niho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB biciye  mu gisata kijejwe amategeko cayo caraye gifatiye ibihano abakinyi n’abamenyereza batanze ibiturire tutibagiye n’abavyakiriye.

 

Inkino zibiri za Primus league 2020-2021 nizo basanze zirimwo agahaze bivanye n’uko hakozwe amatohoza basanga hakoreshejwe ibiturire .

Urukino rwambere basanze hakoreshejwe igiturire ni urwahuje Athletico Academy na Les elephants .

Urukino rugira kabiri narwo nyene basanze hakoreshejwe igiturire ni ururangiza ihiganwa rya Primus league rwahuje Les elephants hamwe na Kayanza United .

Amatohozwa ahejeje gukorwa iyo migwi ya Kayanza United na Athletico Academie yakoresheje ibitutire yaciye yakwa amanota 3 yari yaronse muri urwo rukino rwabahuje na les elephants.

Abahanywe nabo bivugwa ko batanze igitutire n’abacakiriye ni aba bakurikira :

– Uwo bita Nzeyimana Ally wo muri Kayanza United Alias Rumburi ntazosubira guhonyoza ikirenge ki kibuga c’umupira w’amaguru ubuzima bwiwe bwose no kudakora igikorwa na kimwe kijanye n’inkino mu Burundi akaba ategerezwa no kuriha ihadabu Amande ya 1.000.000 ( Umuriyoni w’amarundi )

Abamenyereza nka :

– Ntakarutimana Dieudonnè amenyereza les elephants, Bankuwiya Emanuel Mayele wa Athletico Academy , Manirakiza Amuri wa Buhumuza bahawe ibihano vyo kumara imyaka 5 barakora ku gikorwa na kimwe kijanye n’umupira w’amaguru .

Abakinyi ba les elephants nka :

– Ndayikeza Pacifit
– Dusabe David Bienfait
– Minani Isaac Zidane
– Ndayisenga Japhet
– Girukwishaka Alfred ( Athletico Academy )
– Ndayisenga Eliphaz ( Kayanza United )

Abo bose bakaba bahawe igihano co kumara umwaka wose atagikorwa na kimwe kijanye n’inkino bakoze .

Kayanza United yaciye yakwa amanota 3 yari ifise ica ifata ikibanza ca 4 ku rutonde rwa Primus league , mugihe Athletico Academy nayo nyene bahejeje kuyaka ayo manota 3 yaciye ifata ikibanza ca 13.

 

- Advertisment -

Must Read

Ibisabisho vya ba batwa b’i Muramvya vyarumviwe muri NCDP

0
Mu makuru yacu aheruka twarababwiye umuzo w'umurundi aba muri Canada azwi kw'izina rya Alphonse Nahimana yaje mu karuhuko hano mu Gihugu. Alphonse Nahimana twansanze ari...