Elvis Kamsoba ku rutonde rw’abakinyi 11 bavyifashemwo neza kundwi ya 23

0
266

Inyuma yo kwinjiriza ibitsindo 2 wenyene umugwi Melbourne Victory muri 6 kuri 1 bari batsinze umugwi Western United , umukinyi mpuzamakungu w’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba Elvis Kamsoba yaraye atowe mu bakinyi 11 bigenjeje neza kundwi ya 23 y’ihihamwa ryo muri Australie Hyundai A League.

Elvis Kamsoba akaba aheruka gutumwako mu mugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba mu nkino z’igikombe ca CAN 2019 gushika ubu ntarasubira gutumwako.

Mwomenya y’uko uwo mukinyi w’intamba mu rugamba afise ibitsimdo 5 mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Austalie.