Igihe indirimbo Big Fizzo yakoranye na Juma Jux izosohokera hamenyekanye, naho hataramenyekana neza umusi nyezina.
Mu masaha y’inyuma y’umuhingamo, akoresheje amwe mu ma foto yiwe aboneka ko yoba ari mashasha, Big Fizzo akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, yabajije abakunzi b’ibikorwa vyiwe igihe bumva yosohorera indirimbo bakoranye na Juma jux.
Bamwe bamusavye gutenyenya kuko Millions Faces igihagaze neza mu bakunzi b’ibikorwa vyiwe, abandi bo bakaba bamusavye ko ayisohora vyihuta, bakaba bamuhaye iyi ndwi imwe gusa, ariko akaba yabasavye ko bokwihangane kuko uwitonze Amira ibinoze.
Hampande yabo bose, hari ababonetse umengo batomboje neza igihe Big Fizzo yasa n’uwateguriyeko gusohora iyo ndirimbo, aho naho n’intango z’ukwezi kw’7. Ico gihe kikaba catombojwe n’umwe mubagize ico bashikiriza, aho yamubwiye ko yotenyenya gushika intango z’ukwezi kw’7, nawe akaba yaciye amwishura ko umengo yamusomye mu mutwe.
Iyo ndirimbo ikaba itegerejwe n’abatari bake kuko yari yavuzwe haraheze igihe kitaro gito, noneho ireresi [Film] Big Fizzo yari yahamagawemwo gukinira muri Tanzania, imuha akaryo ko gukora amasanamu y’iyo ndirimbo na Jux.
Iyo ndirimbo ikaba ishobora kuzoba ikurikiye Millions Faces imaze kurabwa n’ababa 14,000 ku rubuga rwiwe rwa Youtube mu kiringo c’indwi 3.