5.5 C
New York
Tuesday, October 19, 2021
HomefootballHon.Révérien Ndikuriyo yaraye amenyesheje ko atazokwitoza muri FFB

Hon.Révérien Ndikuriyo yaraye amenyesheje ko atazokwitoza muri FFB

Mu birori vyo gutora abakinyi bitwaye neza mw’ihiganwa rya Primus ligue 2020 vyari vyitabiriwe na bamwe mu bategetsi bakomeye mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru, umukenguzamateka Révérien Ndikuriyo yamenyesheje abari muri ivyo birori vyabereye kuri centre Giriyuja mu Kabondo ko atazokwitoza mu matora yimirije muri iryo shirahamwe ariko ngo ntazoja kure kuko azokorera mu murwi nserukiragihugu.

Uyo mwubahwa Révérien  Ndikuriyo arongoye ishirahamwe FFB niwe yahawe agashimwe k’umurongozi mwiza mu mupira w’amaguru muri uno mwaka turimwo.

Abandi bizewe ni Jimmy Ndayizeye yagizwe umumenyereza w’umwaka akaba amenyereza Le messager Ngozi , bashimiye Onesime Rukundo nk’umunyegori yasumbije abandi nawe akaba amenyerezwa na Jimmy . Asman Ndikumana batazira Garden yabaye umukinyi w’umwaka akaba akina muri Aigle noir mu gihe uwinjije vyinshi yabaye Trésor Shaka wa Vitalo fc .

Uwundi yahawe agashimwe ni umukinyi akiri muto Franck Nduwimana wa Royal FC hamwe na Yussuf Ndayishimiye yahawe agashimwe k’umukinyi akina mu mahanga akaba abarizwa muri Istanbul baseksahir muri Tirkiya.

Hatowe kandi umurwi w’umwaka mw’ihiganwa Primus ligue 2020-2021.

1) Rukundo Onésime ( Messager Ngozi )
2) Nimubona Emery ( Musongati Fc )
3) Nyanzira Hamza ( Messager Ngozi)
4) Hakizimana Issa ( Flambeau du Centre )
5)Mwenebantu John ( Kayanza United )
6) Asman Hamissi ( Flambeau du Centre)
7) Rukundo Abdoul-rahman Paplay ( Kayanza United )
8) Urasenga Danny Kagabo ( Messager Ngozi)
9) Shaka Tresor ( Vital’o Fc)
10) Nduwimana Franck ( Royal Fc)
11) Ndikumana Asman Garden ( Aigle Noir )

Muri ivyo birori bumwe mu bushimwe bwatanzwe n’abakinyi ba kera nka Juma Mossi yakinye muri Vital’o fc , Captain Ally wa Inter fc na Mupenda Mossine yigeze gukinira Burundi Sport Dynamic .

Icaryoheye abantu muri ivyo birori n’igihe Lydia Nsekera arongoye CNO yaririmvye akaririmbo Kuliko Jana ka Sauti sol yo muri Kenya arikumwe na Blackstone band igizwe n’abaririmvyi Bravo na Chance hamwe n’abandi.

Mwomenya ko ivyo birori vyateguwe na ca gihangange c’umurwi mu gutegura imanza n’ibirori Black and white Event irongowe na Reinhard Bango .

lndundi Sports irabakeje.

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...