Tchabalala abandanya yigenza neza mu Rwanda

0
385

Umukinyi w’intamba mu rugamba Hussein Shabani Tchabalala yaraye afashije AS Kigali gutsinda Muhanga Fc .

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 06 Ruheshi 2021, ihiganwa ryo mu Rwanda ryari ryabandanije aho umugwi As Muhanga wari wakiriye As Kigali, urwo rukino rwarangiye As Kigali itsinze As Muhanga ibitsindo 3-0 , harimwo igitsindo c’umurundi Hussein shabani Tchabalala.

Nkuzimana Fiston niwe yatanguye kwinjiriza igitsindo As Kigali , Tchabalala yinjiza ica kabiri mugihe uwinjije ica gatatu ari Bishira Latif .

Hussein Shabani Tchabalala akaba yaciye akwiza ibitsindo 7 mu nkino 8 amaze gukina mu gihugu c’Urwanda .