5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
Homeabakinyi bakina hanze#Nkurunziza Cup 2021: Uku niko imigwi yatsindanye mu gice ca 1/4

#Nkurunziza Cup 2021: Uku niko imigwi yatsindanye mu gice ca 1/4

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 13 Ruheshi 2021 , ihiganwa ryitiriwe umuhisi Perezida Petero Nkurunziza, Nkurunziza Cup ryarabandanije mu nkino zo gusubiriza z’igice 1/4 gishira ica nyuma.

Umugwi Aigle Noir wakatishije itike yo gukina igice 1/2 gishira ica nyuma usezereye umugwi w’igiporisi Rukinzo barinze kunganya igitsindo 1-1 mu gihe urukino rwo gutangura Aigle Noir yari yatsinze igitsindo 1-0 , ivyatumye Aigle Noir ibandanya mu gice ca 1/2 gishira ica nyuma .

– Flambeau du Centre yaraye isezereye Vital’o Fc iyitsinze ibitsindo 3-0 , mugihe urukino rwo gutangura iyo migwi yari yanganije ibitsindo 3-3 ivyatumye Flambeau du Centre ibandanya mu gice ca 1/2 gishira ica nyuma.

– Kayanza United yatsinzwe na Musongati Fc igitsindo 1-0, mu gihe urukino rwo gutangura Musongati yari yatsinze 2-1, ivyo bikaba vyaciye bituma Musongati Fc ibandanya igice ca 1/2 gishira ica nyuma .

Messager Ngozi yaraye isezereye Olympic Star iyitsinze ibitsindo 3-0, mu gihe urukino rwo gutangura iyo migwi yari yanganije igitsindo 1-1 , ivyatumye Messager Ngozi ibandanya mu gice ca 1/2 gishira ica nyuma .

Inkino z’igice ca 1/2 gishira ica nyuma z’ico gikombe Nkurunziza Cup zigiye kubandanya ku musi wa gatatu igenekerezo rya 16 Ruheshi 2021.

– Umugwi Aigle Noir uzokwakira Flambeau du Centre isaha icenda 15h00

– Umugwi Messager Ngozi uzokwakira Musongati Fc isaha icenda 15h00.

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Umugwi Geita Fc waraye wirikanye Etienne Ndayiragije

0
    Umumenyereza w’umurundi Etienne Ndayiragije ntakibarizwa mu mugwi Geita Fc wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania . ku musi w’Imana igenekerezo rya 24...