BurundihomepageIKIRUNDI_news

Abanyagihugu basaba Abakuru b’ibihugu vy’Uburundi n’Urwanda kwicara hamwe

Abanegihugu bo mu ntara ya Cibitoke barasaba abakuru b’ibihugu H.E Evariste Ndayishimiye hamwe na H.E Paul Kagame ngo bicare hamwe batora umuti w’ikibazo kiri ku rubibe ivyo bihugu bihana.   

Abo banyagihugu basaba ko umupaka Uburundi  buhana n’Urwanda ku ruzi ruhwa, nawo wokugururwa nkuko vyakozwe ku zindi mbibe Uburundi buhana n’ibihugu vya Congo na Tanzania.

Abo banyagihugu bakaba bavuga ko umunezero wari wose kuva bumvise ko imipaka yindi yuguruwe, bari bazi ko nabo bagiye gushikirwa. None ubu umunezero waraheze, kuko bararindiriye ko nabo bashikirwa barahebura. “Tumaze kuvyumva ko buguruye umupaka wa Gatumba n’imipaka  ku ruhande rwa Tanzania, vyaratuguye nezacane, twibaza ko bizoca bibandanya n’ino iwacu ku ruhande rw’urwanda hariya ku ruhwa, ko nabo bazoca bugurura umupaka none twararindiriye turabura.”

Abo banyagihugu bakaba badatahura igituma uwo mupaka utugururwa nkuko iyindi ibandanya kwugururwa, bakaba basaba abakuru b’ibihugu vy’Uburundi n’Urwanda ko bokwicara bakaganira ku kijanye n’ukwugurura imipaka.  “Ico twosaba nuko abarongoye ibihugu vyacu uko ari 2, ko bokwicara hamwe bakayaga bakugurura imbibe abantu bagasubira bakagenderanira.”

Abo banyagihugu bakaba bavuga ko ari nka hamwe uwo mupaka wuguruwe boba babukuye mu cibo kuko abakoresha imiduga itwara ibintu boba basubiye kuronka udufaranga noneho bakaronka ico bagaburira imiryango. S’ico gusa ngo n’abenegihugu nabo boshikirwa kuko yaba abarundi canke abanyarwanda ico badafise bahora bikora ku rundi ruhande.

Ariko rero naho abo banyagihugu basaba ko uwo mupaka wugururwa, mwomenya ko ku ruhande rw’Urwanda nabo imipaka yugaye nka yose kuva ikiza ca COVID-19 kiboneka irya mbere muri ico gihugu. Abinjira muri ico gihugu bo nyene n’abagiye n’indege, co kimwe n’imiduga yinjiza ibidandazwa muri ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 301