5.5 C
New York
Thursday, January 27, 2022
HomeIKIRUNDI_newsInkino# Indundi Sports | Sergio Ramos yatandukanye na Real Madrid

# Indundi Sports | Sergio Ramos yatandukanye na Real Madrid

 

Umukinyi w’inyuma w’umugwi Real Madrid akongera akaba na kizigenza w’uwo mugwi yatandukanye n’uwo mugwi inyuma y’imyaka 16 iheze awukinira .

 

Intandaro yo kutabandanya akinira Real Madrid ni ukutabahabwa amasezerano y’imyaka ibiri kuwo Kizigenza wa Real Madrid, aho Ramos wewe yipfuza ko bamwongera amasezerano y’imyaka ibiri mugihe Real Madrid yoyo yipfuza kumwongera amasezerano atarenga Umwaka.

Mu myaka 16 Ramos yamaze muri Real Madrid yayifashije gutwara ibikombe 5 vy’ihiganwa ryo muri Espagne La Liga , ibikombe 4 vya Champions League , Copa Del Ray incuro 2 , Spanish Super Cup ibikombe 4 , UEFA super Cup ibikombe 3 ndetse na FIFA Club Word Cup incuro 4.

Bikavurwa ko uwo mukinyi umwanya n’umwanya ashobora kwerekeza muri Paris Saint Germain ikunda kuzana abakinyi bari mu zabukuru canke ashobora kwerekeza muri Juventus isanzwe ikinamwo
mugenzi wiwe Christiano Ronaldo, naho nyene biramutse bikanka ashobora kwerekeza muri Manchester United .

 

- Advertisment -

Must Read

Ubucuti bwa Apôtre Jean Paul na Général Ntakavura Serges bugiye gutuma...

0
Bashajije nkuko babigize umugenzo bompi, abarongozi b' amashirahamwe y'inkino z'amaboko aribo  Apôtre Jean Paul Manirakiza aramutswa FEBABU, kumwe na Général Serges Ntakavura aramutswa ishirahamwe...