5.5 C
New York
Thursday, January 27, 2022
HomeBurundiUmukuru w’igihugu n’umuryango wiwe batanguje amasengesho yo gushimira Imana

Umukuru w’igihugu n’umuryango wiwe batanguje amasengesho yo gushimira Imana

Umuryango wa Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye watanguje kur’uyu wa 17 rusheshi 2021 i Gitega, amasengesho yo gushimira Imana inyuma y’umwaka amaze arongoye Uburundi.

Igisabisho catangujwe n’Inkuka ya Misa yaherejwe na Musenyeri Simoni NTAMWANA, kuri Paruwase Saint François d’Assise mu Magarama, aho iyo Nkuka ya Misa yitabwe n’abubahwa hamwe n’indongozi zitandukanye duhereye kuri Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu n’Umutambukanyi wiwe, Umutambukanyi wa Nyakwigendera Petero NKURUNZIZA, abagize ubuserukizi bukuru bw’Umugambwe CNDDFDD abashikiranganji n’abandi.

Amasengesho nyezina akaja kubandaniriza ku kibuga c’indege mu Magarama, ku muhingamo. Bitegekanijwe ko azomara imisi itatu, gushika kuwa 19 ruheshi 2021.

- Advertisment -

Must Read

Ubucuti bwa Apôtre Jean Paul na Général Ntakavura Serges bugiye gutuma...

0
Bashajije nkuko babigize umugenzo bompi, abarongozi b' amashirahamwe y'inkino z'amaboko aribo  Apôtre Jean Paul Manirakiza aramutswa FEBABU, kumwe na Général Serges Ntakavura aramutswa ishirahamwe...