Home# Indundi Sports | Ndarusanze Jean Claude yaraye afashije Rutsiro Fc gutsinda...
Array

# Indundi Sports | Ndarusanze Jean Claude yaraye afashije Rutsiro Fc gutsinda Rayon Sports

 

Umusatirizi w’umurundi Ndarusanze Jean Claude Lamba Lamba niwe yaraye atsinze Rayon Sports .

 

Hari kuri uyu wa Kabiri igenekerezo rya 22 Ruheshi 2021, aho ihiganwa ryo mu Rwanda ryari ryabandanije.

Umugwi Rutsiro Fc wari wakiriye Umugwi Rayon Sports , urwo rukino rwarangiye Rutsiro Fc wirahiye Rayon Sports ibitsindo 2-0 .

Ivyo bitsindo vyose vyinjijwe n’umusatirizi w’umurundi Ndarusanze Jean Claude Lamba Lamba, igitsindo ca mbere yacinjije kumunota wa 15 mugihe ica kabiri yacinjije ku munota wa 50 .

Jean Claude Yaciye akwiza ibitsindo 5 mu nkino 7 amaze gukinira Umugwi Rutsiro Fc .

mwomenya y’ko mu nkino 12 Umugwi Rayon Sports umaze gukina watsinze inkino 3 inganya 5 itsindwa 4.

 

- Advertisment -

Must Read

Soixante millions de francs burundais accordés au Flambeau du Centre.

0
Le président de l'équipe Flambeau du centre de Gitega a accordé 60 millions de francs burundais aux joueurs et au personnel de l'équipe. La...