5.5 C
New York
Thursday, August 5, 2021
HomeBurundiDiamond yafatiwe mu rwara n’abavuga ko ya Modoka itomujana mw’ihiganwa

Diamond yafatiwe mu rwara n’abavuga ko ya Modoka itomujana mw’ihiganwa

Burya ngo mu bwami bw’impumyi, uwupfuye ijisho rimwe niwe aja imbere, none ya modoka Cadillac Escalator Nasibu aheruka kugura igatera induru zitari nke, batanguye kuyifatira mu rwara n’abatari bake ngo kubera atari yarikwiye kwifashishwa mu kwerekana ubutunzi b’umurengera buvugwa kuri Diamond.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, Kimambi umu Tanzania abarizwa muri Amerika  yavuze koiyo modoka iri mu zisanzwe cane muri ico gihugu, kandi no muri Afrika, kuko abandi baririmvyi bakomakomeye nkaba Davido, Wizkid, Burnbo n’abandi cane cane bo muri Nigeria bagendera mu zikomeye kuyisumvya.

Ivyo akaba yabishikirije inyuma yaho Diamond yerekaniye iyindi nkiyo nyene yaguze, noneho bakavuga ko ari nshasha bitaburiye, atari zimwe ziba zarakoze. Naho abatari bake batanguye kuyitora amakosa, nk’ukuba yaramenetse ku ruhande rw’inyuma.

Kimambi akaba ahanura Diamond kugura imodoka ziba zigezweho nka Rolly Royce 2021, isigaye ikoreshwa na Davido canke Mercedes Benz G Wagon 2021, ngo ngaho niho azoboneka nk’uwufise amafaranga.

Muvyo yavuze, uwo mwigeme abarizwa ku mugabane wa amerika, ngo iyo modoka bariko baravugako menshi ishobora kuba inagurwa amafaranga make ugereranije n’iyo Alikiba agiramwo, canke Ommy Dimpoz.

Hampande ya Kimambi, ikinyamakuru wasafi cegukira Diamond naco kikaba cahavuye cerekana abantu bakomeye kw’isi bagira mu modoka nkiyo ya Diamond, hakaba harimwo Donald Trump,  Justin  bibier, Dr. Dre, Sylvester Stallone canke Jayz hamwe na Diamond ubwiwe.

- Advertisment -

Must Read

Musongati Day | Double Jay niwe azoteramisha abanya Gitega mu rukino...

0
Mu gisagaca ca Gitega umugwa wa Poritike hagiye kwaka umuriro bivanye n’ingene ibirori vyo kwerekana abakinyi ba Musongati bashasha biriko bitegurwa. Ku musi wa gatandatu...