IKIRUNDI_news

Ubu nibwo butumwa Big fizzo yoshima gushikiriza Leta y’Uburundi

Umwe mu baririmvyi badatinya gushikiriza ikiri ku mutima ni Big Fizzo, aho avuga ico yibaza ku kibazo kanaka kiba kiri mu muziki ndundi, cane cane ikimuraba. Muri Live aheruka gukora itamworoheye nawe, yasabwe n’abamukurikirana ico gihe ko yofatanya n’abandi noneho bagasaba umubonano mu biro vy’umukuru w’igihugu cacu.

Ariko imbere yaho gato, uwo mwanditsi w’urukurukirane Legendary, yabajijwe n’abafana biwe ico yosaba Leta ngo umuziki ubashe kugira agaciro. Mugani yishuye ata gucisha hirya no hino, ko we yosaba ko umuziki ndundi wovuzwa ku bice 90% mu bibanza vyose vyumvikanamwo umuziki, uwubirenzeko agahanwa bimwe vy’akarorero.

Yagize ati : “ Nosaba Leta, ko hosohoka itegeko nka kurya kwa congo uko bagize, ko ku ma radio, ku ma studio, muma butambiro, no mu bubare, bavuze umuziki w’abarundi 90%. Uwutavugije 90% bagaca bamuca amande, urabe ko umuziki utazotera imbere.”

Big Fizzo akaba ari umwe mu baririmvyi ndundi badasiba gukoma induru ko urugezo umuziki ndundi uvuzwamwo hano iwacu rudakwiye na gato. Akaba yama avuga ko umuziki w’abanyamahanga uno musi uvuzwa cane gusumba umuziki w’abana b’igihugu ari naco gituma umuziki wacu utabasha gutera imbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 532