5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
HomeAgricultureReta y’Uburundi ihejeje gushinga ibiciro bishasha ku biribwa bitandukanye

Reta y’Uburundi ihejeje gushinga ibiciro bishasha ku biribwa bitandukanye

Mw’itangazo umushikiranganji Déo Guide Rurema ahejeje gusomera abanditsi n’abamenyeshamakuru ku murango wo kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 30 Ruheshi 2021, amenyesha ko ubwo bushikiranganji aramutswa bufadikanije n’ubw’ikigega ca Reta bwashinze ibiciro bishasha ku biribwa bimwe bimwe.

Ibiciro Reta ishinze yaba ku bigori, ibiraya, umuceri, ibiharage n’ibitunguru, ibiciro ku murimyi ni ibi bikurikira:

Ibigori :

-Intete z’ibigori vyumye : ikilo k’umurimyi ni amahera: 680;

Ibiraya : ikiko k’umurimyi ni amafaranga 700 ;

Umuceri udasekuye:

-Umuceri iron (intete ngufi): ikilo k’umurimyi ni amahera 830;

-Umuceri wera w’intete ngufi : ikilo ni amahera 950 k’umurimyi ;

-Umuceri w’intete ndende : ikilo  ni amahera 860 k’umurimyi;

-Umuceri w’intete ndende wera  : ikilo amahera  k’umurimyi ni 1000.

Ibiharage :

– Ibiharage vy’ibiremberwa vy’umuhondo : ikilo ni amahera 1100 ;

-Ibiharage bitaremberwa : ikilo ni amahera 950 ;

-Ibiharage bivanze (kirundo) : ikilo ni amahera  900 ; 

Ibitunguru :

-Ibitunguru bitukura: ikilo k’umurimyi ni 1200;

-Ibitunguru vyera : ikilo ni amahera   750.

Reta y’Uburundi iratanga umwizero ku barimyi-borozi bose ko umwimbu wabo  uzogugwa kugira ntuze usubire kubabera ingorane mu kubura ama soko nk’uko vyagiye vyibonekeza mu myaka iheze.  

Yaboneyeho gutera akamo abakozi bose bo mu bushikiranganji turongoye kuva ku mutumba gushika hejuru ko bokomeza kuba hafi abarimyi-borozi kugira umwimbu ubandanye wiyongera. Abarimyi-borozi bahimirizwa gutega yompi inyigisho abaduserukira babaronsa.

Muri iryo tangazo, ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi bufadikanije n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bumenyesha ko ubu, umudandaza wese azoca kubiri n’izi ngingo mu kugura uwo mwimbu canke agafatwa yasubiye kugura umwimbu mu murima ico bita umugwazo, azohanwa bimwe vy’akarorero ateko anahahombere n’amafaranga azoba yatanze. Tukaba dusaba abarimyi bose kudomako urutoke uwo wese azoba ariko aca kubiri n’izo ngingo.

Busaba abajejwe intwaro n’umutekano ko bobafasha mu gushira mu ngiro izo ngingo kugira umwimbu w’uburimyi n’ubworozi ubere amahigwe abarimyi-borozi gutyo ihangiro rya Reta Mvyeyi kandi Nkozi rishikweko.

Bahamagarira kandi abenegihugu bose kubandanya bitegurira irima ry’imyonga mu kuriha amahera ya solode y’ifumbire n’ishwagara bakurikije ikirangaminsi catazwe kuva kw’igenekerezo rya 14 ruheshi gushika kurya 9 mukakaro umwaka w’2021, bace imikobeko bakinge inkukura aho bikenewe naho bavomere kugira tuvyaze umusaruro iri rima.

- Advertisment -

Must Read

Jaja ngo ashaka ko abarwayi bakire indwara zabo biciye mu kwizera

0
Amazina yahawe n'abavyeyi ni Uwimana Jeanine akaba azwi kw'izina rya Jaja Jeanine Umwuga wo wo kuririmba yawutanguye akiri muto mw'ishure ry'abana mu nyuma yaho araheza abifata...