Inyuma yaho hasozerewe ibirori vyo kurangiza ihiganwa rya Primus league 2020-2021 , umusi ihiganwa rikurikira ry’umwaka wa 2021-2022 rizotangurirako wamenyekanye .
Abicishije ku rubuga ngurukanabumenyi bwiwe rwa Facebook , Honorable.
Reverien Ndikuriyo aramutswa ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB yavuze ko umuriro muri Primus league ugiye kwaka.
Akaba yagize ati ‘’ Umuriro muri Primus Ligue Burundi uzotangura kwaka kuwa 13-14-15 Myandagaro.
Ntimuzotume abandi, murahishikira:
Ibibuga bizokinirwako izo nkino akaba ari ibi bikurikira:
1. Stade Intwari ( Bujumbura)
2. Stade Urunani ( Cibitoke)
3. Stade Ingoma ( Gitega)
4. Stade Gatwaro ( Kayanza)
5. Stade Urukundo ( Ngozi)
6. Stade Umuco ( Muyinga)
7. Stade Urumuri ( Ruyigi)
8. Stade NKURUNZIZA PPC ( Makamba)
Mwomenya ko ihiganwa rya Primus league ry’umwaka uheze wa 2020-2021, ryatahukanye Messager Ngozi.