Inkino

Cédric Amissi yaguze umuduga ugurwa imiriyoni zirenga 200

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba hamwe na Al Taawoun yo muri Arabie Saudite Amissi Cédric yaguze imodoka y’abategetsi.

Iyo modoka ikaba ari imodoka ikuze kugiramwo ba Nyenicubahiro bakomeye nk’uko twama tubibona , ikaba iri mu bwoko bwa V8.

Twaravye igiciro c’iyo modoka iriko dusanga igurwa amadorari y’amanya America angana 85,165 $. mu marundi ni imiriyoni 264,011,500 Fbu.

Hampande y’iyo modoka Cédric Amissi asanzwe afise amazu atari make hano mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu gihugu c’Urwanda.

Akaba abaye umukinyi w’umurundi agira kabiri yakinye mw’ihiganwa rya hano iwacu Primus league agura imodoka iri muri ubwo bwoko bwa V8 inyuma ya Tambwe Amissi yigeze gukinira Aigle Noir , Vital’o Fc , Simba sc na Yanga Africans zo muri Tanzania.

Mwomenya y’uko mu mugwi Al Taawoun wo muri Arabie Saoudite asanzwe akinamwo umuhemba amafaranga y’amanya America angana n’amadorari 35000$ ku kwezi mu marundi n’imiriyoni 108, 500,000 Fbu.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 70