5.5 C
New York
Sunday, September 26, 2021
HomehomepageUrumogi rukomoka mu bushinwa

Urumogi rukomoka mu bushinwa

Igiterwa c’urumogi abashakashatsi baheruka kwerekana ko mu buraruko bw’uburengerazuba bw’ubushinwa ariho rwakomotsa, aho ngo hari mu myaka iri hagati y’ibihumbi 10 na ibhumbi 3 imbere y’ivuka rya Yezu kirisu. Ivyo bikaba bitandukanye n’ivyo abenshi bahora bavuga ko ico giterwa coba cakomotse mu bumanuko bwa Aziya.  

Abo bashakashatsi  bavuga ko ako gace bagatoyemwo urumogi ruri mu bwoko bwa Sativa rukundwa na benshi, ariko rufise ingaruka mbi cane ku buzima bw’umuntu. Ico giterwa nkuko ubushashatsi bwasohowe mu kinyamakuru ca Science Advences buvyerekana, rugitangura kurimwa rwarakoreshwa mu bikorwa bitandukanye birimwo gukora impuzu, kurushira mu biribwa, n’ugukura amavuta mu mbuto zarwo.

Ico giterwa nkuko umushakashatsi w’umugiriki, Herodotus, yavyanditseko mu mwaka wa 2019, ngo ico giterwa gishobora kuba caranakoreshwa mu mugenzo wo gufuba mu burengerazuba bw’ubushinwa. Ivyo akaba yavyanditse afatiye kuko muri ako gace habonetse imva imaze imyaka 2500 yabonetsemwo ico giterwa

Ubwo bushakashatsi bwakozwe ku mbuto z’urumogi zigera kw’110, babasha gutora ubwoko bw’urumogi bushika kuri 4.  Basal bukunda kuboneka muri Leta zunze ubumwe za amerika, hamwe na  Hemp na Marijuana, ubu bukaba  bukomoka kuri Basal, bwo bukaba bwatanguye kurimwa mu myaka 12.000 iheze.

Urwo rumogi naho rwatanguye kurimwa kandi rukanahingurwamwo ibintu mu myaka 12,000 imbere yuko Yezu avuka, rwatanguye kuboneka ku yindi migabane nka buraya mu myaka 3000 iheze. Nayo mu kinjana na 13 niho rwatanguye kuboneka muri Afrika, muri amerika y’epfo mu kinjana ca 16, nayo mu kinjana ca 20 niho hatanguye kuboneka ico giterwa muri amerika y’uburaruko.

Ubu bikaba bitoroshe cane gukora ubushakashatsi kuri ico giterwa mu gihe atari mu gisata c’ubuvuzi, kubera amategeko isi muri rusangi yashizeho akumira ico giterwa.

- Advertisment -

Must Read

# indundi Sports| Ndikumana Justin yongewe amasezerano muri Bandari Fc

0
Justin Ndikumana abandanya yizerwa muri Bandari Fc umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Kenya. Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya...