IKIRUNDI_news

Mkombozi ngo Hari hageze ko atahuka mu gihugu ciwe c’amavukiro

Igihe ngo Cari kigeze kugira atahuke mu gihugu ciwe c’amavukiro, ivyo vyashikirijwe na Mkombozi mu kiganiro yagiranye na mugenzi wacu akorera imboneshakure Isaac Tv. 

Muri ico kiganiro bamubajije aho azoba akomotse, avuga ko yaragize imisi abarizwa muri Tanzania, ariko ngo ubu amaze ukwezi kwose abarizwa I Kampala Ari naho azoba akomotse.

Uwo muririmvyi akaba yari yamenyesheje ku musi wa gatatu ku rubuga rwiwe rwa Instagram ko aza gushika uno musi ku rubuga rw’indege rwitiriwe Ndadaye Melchior isaha cumi n’imimota 45 z’umuhingamo.

Yabajije aboba bamushigikire ngo atahuke, akaba yamenyesheje ko Ari ibanga, ngo bazobamenya hanyuma.

Mwomenya ko uwo muririmvyi atahutse inyuma y’imyaka yababa 7 ari inyuma y’igihugu ciwe c’amavukiro.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 533