5.5 C
New York
Sunday, September 26, 2021
HomeBurundiAlikiba yabajijwe abaririmvyi ba hano iwacu yemera gusumba abandi

Alikiba yabajijwe abaririmvyi ba hano iwacu yemera gusumba abandi

Alikiba ngo ribaye irya 4 aza mu gihugu cacu akanaririmbira ngaha irya mbere Indirimbo aba yasohoye, ivyo nivyo uwo muririmvyi yashikirije mu kiganiro Friday Sauce yakoze ku musi w’ejo.

Uwo muririmvyi yamenyesheje ko Indirimbo ziwe 2 zirimwo Jalousie hamwe na Ndomboli aheruka gushira ahabona Vuba cane, ngo rizoba ribaye irya mbere aziririmbira.

Muri ico kiyago na Mc Sadiki yabajijwe nimba afise abaririmvyi yemera ngaha, ariko avuga ko amazina adashobora kiyavuga, ariko ngo ico yashimye nuko abaririmvyi bamwe bamwe batanguye gusohoka igihugu, co kimwe nuko banatanguye kuririmba mu ndimi mpamakungu Aho avuga ko Ari ikintu ciza cane.

Uwo muririmvyi agishika kare ku musi w’ejo, akaba atanabashije gushikiriza amazina y’abaririmvyi bazokorana nawe Indirimbo nawe, kuko ngo hari izo bari bamaze kumurungikira.

Mwomenya ko Indirimbo yamaze kunuganurwa Ari Indirimbo azokorana na Lolilo, nkuko impapuro ndanga ndirimbo zibandanya zikwirakwizwa hirya no hino.

- Advertisment -

Must Read

# indundi Sports| Ndikumana Justin yongewe amasezerano muri Bandari Fc

0
Justin Ndikumana abandanya yizerwa muri Bandari Fc umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Kenya. Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya...