IKIRUNDI_news

Sat-b ageze mu Mikino ya Olympic mu Buyapani aciye muri Canada

Mkombozi yagize ngo iyo uteye umugere igikere uba uriko uracunguruza, none iraba kwaba Yoya rya Meddy ku ndirimbo Beautiful ya Sat-b hakabura amasanamu y’iyo ndirimbo kuva bagitangura kuyikora, ryoba ryamuviriyemwo akantu keza kuko yatanguye kuba mpuzamakungu. 

Inyuma y’ukurabwa incuro zirenga 2,500,000 ku rubuga rwiwe rwa Youtube, iyo ndirimbo yashizwe mu gitigiri c’indirimbo zizovuzwa n’ikinyamakuru co muri Canada CBC mu bihe vy’inkino Olympique biriko bibera mu gihugu c’ubuyapani mu gisagara ca Tokyo.

Iyo ndirimbo ikaba imbere yuko isohokera rimwe n’izindi zitari nke muri EP, ikaba yari imaze imyaka itari mike ibitse, kuko ngo Hari habuze amasanamu yayo, noneho ahitamwo kuyisohora kuko ata yandi mahitamwo yarafise yarafise yanka ko ishobora kuzopfira ubusa.

Inyuma y’iyo ndirimbo uwo muririmvyi akaba anatanguye kwizerwa n’abandi baririmvyi bakomeye muri Africa Aho aheruka kwihekwako n’umuririmvyi Bahati wo muri Kenya kugira bakorane Indirimbo imaze kurabwa incuro zirenga 1,000,000 mu mwanya nk’uwo gukubita urugohe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 522