5.5 C
New York
Sunday, September 26, 2021
HomeBurundiAlikiba yaruciye, abaririmvyi basuzugura abamenyeshamakuru ngo ntibagashigikirwe

Alikiba yaruciye, abaririmvyi basuzugura abamenyeshamakuru ngo ntibagashigikirwe

Ikibazo cahora cibazwa n’abantu batari bake kijanye n’ugusuzugura abamenyeshamakuru bikorwa n’abaririmvyi bakomakomeye na cane cane abamenyeshamakuru bagitangura umwuga, Alikiba mu kiyago yagiranye n’abamenyeshamakuru yakigarutseko.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi asanzwe azwi kuba ari mu baririmvyi bakomeye muri Afrika, avuga ko we ata kinyamakuru na kimwe, yaba gito canke igikomeye batokorana ikiganiro. Uwo akaba avuga ko impamvu ituma bakorana aruko abona ko yaba abaririmvyi yaba abamenyeshamakuru ngo bose bakeneraniye.

Nayo abamenyeshamakuru basuzugurwa n’abaririmvyi ngo nuko bakomeye, kubwiwe ngo nta gushigikira umuntu aba ariko aragusuzugura. Alikiba akaba yahanuye uwo mumenyeshamakuru asuzugurwa kumwihoza uwo muririmvyi .

Ivyo bikaba bikunze kuboneka, aho habaho rimwe na rimwe uguterana amajambo hagati y’abo bantu 2 bari bakwiye gushigikirana, aho bamwe bagiriza abandi kudashigikira bikwiye umuziki ndundi, aho mbere hanaboneka ugutukana ko batanazi n’ivyo bariko barakora nkuko bishikirizwa n’abo baririmvyi.

Mwomenya ko mu gihe indirimbo zabo kugira zivuzwe canke zerekanwe mu binyamakuru bitandukanye vyo mu karere batanga amafaranga atari make, hano iwacu abo baririmvyi nyene bagaruka bakagiriza abamenyeshamakuru ko babaka amahera ngo bavuze indirimbo zabo.

- Advertisment -

Must Read

# indundi Sports| Ndikumana Justin yongewe amasezerano muri Bandari Fc

0
Justin Ndikumana abandanya yizerwa muri Bandari Fc umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Kenya. Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya...