5.5 C
New York
Sunday, September 26, 2021
HomeEntertainmentMbonyi asabwe kutaza I Bujumbura kubera kwibuka abanyamulenge bapfiriye mu Gatumba

Mbonyi asabwe kutaza I Bujumbura kubera kwibuka abanyamulenge bapfiriye mu Gatumba

Igiteramo ca Israel Mbonyi I Bujumbura ntikiriko kivugwako rumwe na bose ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye zirimwo iz’uwo muririmvyi asanzwe akoresha.

Uwo muririmvyi asanzwe ava mu muryango w’abanyamurenge basuhukiye mu bindi bihugu birimwo Urwanda, akaba ariko ategwa amabuye n’abo basanzwe bava mu muryango umwe kubera amagenekerezo azokorerako ivyo biteramo mu gisagara ca Bujumbura.

Abo banyamulenge bariko bamufata mu muryango wabo, bakaba bariko bamuhora ko ayo matariko azokorerako ibiteramo I Bujumbura ari amatariki ahura neza neza n’umusi bibuka Impunzi z’abanyamulenge ziciwe mu gatumba mu mwaka wa 2004.

Abo banyamulenge basanzaye mu bihugu bitandukanye bakaba bariko bamusaba ko yoraba agahinduza amatariki y’ivyo biteramo kugira bikunde aheshe icubahiro ubwo bwoko bwabo nkuko bavyandika ku mbuga zitandukanye zaba izabo co kimwe n’izo uwo muririmvyi asanzwe akoresha.

Ivyo bikaba vyari vyatanguye hamenyeshwa ko azokorera igiteramo I Bujumbura muri ukwo kwezi kw’8, noneho biza gukomera kuri uyu wa 6 aho yashira ahabona urupapuro ndangagiteramo kiriko n’amatariki y’ico giteramo.

Naho hari abamwagiriza kuja guca amafaranga mu gihe abandi bagiye kwunamira benewabo bahitanywe n’inkozi z’ikibi, abandi nabo babona ko azoba agiye kuvuga ubutumwa bwiza.

Uwo muririmvyi akaba ataho araboneka agira ico abishikirizako, haba ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha, canke mu binyamakuru bitandukanyeba yaba ivyo mu Rwanda canke ivya Mpuzamakungu.

Mwomenya ko uwo muririmvyi azoba aje I Bujumbura inyuma y’igihe bagerageza kumutumira, ariko bitabasha gukunda. Uwo muririmvyi kandi akaba aheruka kumenyesha ko Nyina amuvyara ari umurundikazi yarongowe I murenge.

- Advertisment -

Must Read

# indundi Sports| Ndikumana Justin yongewe amasezerano muri Bandari Fc

0
Justin Ndikumana abandanya yizerwa muri Bandari Fc umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Kenya. Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya...