5.5 C
New York
Sunday, September 26, 2021
Homeabakinyi bakina hanzeUmuvugizi w’umugwi Simba Sc Hadji Manara ntakibarizwa muri uwo mugwi

Umuvugizi w’umugwi Simba Sc Hadji Manara ntakibarizwa muri uwo mugwi

Hadji Manara Sunday kuva kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 28 Mukakaro 2021 ntakiri umuvugizi w’umugwi Simba Sc ukina mu cicoaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania.

Ivyo bibaye inyuma yo kutumvikana na CE0 wa Simba Sc Barbara bivurwa y’uko ari mushiki w’uwusanzwe ari umu Boss wa Simba Sc Mohammed Dewij .

Manara imbere y’uko haba urukino rwa nyuma rwa Finale ya FA cup rwahuje Simba Sc na Young Africans i Kigoma humvikanye amajwi ariko avuga y’uko CE0 wa Simba Sc Barbara yama amufata nabi kandi agiye gushira ukuri ahabona inyuma y’urwo rukino ariko bikaba birangiye atanze imihoho.

Manara agiye gusubirirwa n’umumenyeshamakuru yitwa Ezeckiel Kamwega yigeze gukora muri uwo mugwi .

Manara akaba yari umugabo yakoreye imyaka itari mike umugwi Simba Sc mbere akaba yarawumenyekanishije mu bihugu bitari bike vyegereye Tanzania harimwo n’Uburundi bivanye n’amajambo yiwe yo kwemeza y’uko Simba Sc ari umugwi ukomeye cane muri Africa, bikaba bivurwa y’uko Hadji Manara ariwe yisabiye kuva muri uwo mugwi Simba Sc maze abatwara uwo mugwi nabo barabimwemerera.

 

- Advertisment -

Must Read

# indundi Sports| Ndikumana Justin yongewe amasezerano muri Bandari Fc

0
Justin Ndikumana abandanya yizerwa muri Bandari Fc umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Kenya. Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya...