IKIRUNDI_news

Mkombozi ngo ntagiye kuguma ngaha

 

Abarundi barayamaze ngo iyakariye ntigata, na Mkombozi ngo ntibizere ko azoguma ngaha mu gihugu, kuko afise ibikorwa agiye kuzoza arakorera inyuma y’igihugu. Ivyo uwo muririmvyi akaba aheruka kubiyagira mugenzi wacu akorera imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Nzeyimana Thomas benshi bazi nka Mkombozi avuga ko hari indirimbo ziri mu rukurikirane ariko arakora azokorera mu mahanga, hari mwo muri Tanzania, muri Uganda co kimwe no muri kenya.  Izo ndirimbo nkuko yabandanije abivuga ngo harimwo izo azozikorera amasanamu muri uku kwezi kw’8.

Mkombozi akaba yabandanije avuga ko ingendo azokora zizoba zitandukanye n’izo yahora akora, kuko ubu muri izo ngendo atazitwa impunzi, kuko uwo mwambaro yamaze kuwiyambura.

Mwomenya ko uwo muririmvyi muri iyi myaka 6 yarirangiye adahonyoza ikirenge hano iwacu yari mu bihugu bitandukanye birimwo Urwanda, Uganda na Tanzania.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 339